02/06/2026
🇧🇮 : Ikibazo ca Reta co mu mwaka w'icenda ca "Concours National", aho cakorewe hose cakozwe neza congera kigenda neza.
=====================================================
✍️Ico kibazo ca Reta co mu mwaka w'icenda wa shure shingiro c'uyu mwaka wa 2026, Umushikiranganji w'indero n'Ubushakashatsi "François Havyarimana", ico kibazo yagitangurije kw'ishure ryisumbuye rya "Muramvya", avuye aho kuri iryo shure akaba yongeye agendera n'ayandi mashure ahariko harakorerwa ico kibazo. Aho akaba ari nko kw'ishure shingiro rya Gatabo ya mbere, kw'ishure shingiro rya Munanira ya kabiri, kuri Lycée notre Dame de la Sagesse y'i Gitega, kuri Lycée yitiriwe Kirisu umwami no kuri Lycée co Urbain ya Rango aho hose abanyeshure bakaba bariko barakora ikibazo batekanye, akaba yagenda arabatera intege yongera abibutsa amategeko agenga ico kibazo.
🗣️Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana akaba yamenyesheje ko muri rusangi ikibazo cagenze neza kiretse utugorane twavuye ku mashine isohora impapuro yapfuye bica bituma abatoye ikibazo bakora ijoro n'umurango. Utwo tugorane tukaba twibonekeje nkaho basanze amashure afise numéro zisa canke ayafise numéro zibiri zidasa ariko twose tukaba twaciye dutorerwa umuti. Umushikiranganji François Havyarimana akamenyesha ko abanyeshure ibihumbi 85.905 aribo bari bitezwe gukora ico kibazo harimwo abakobwa ibihumbi 52.887. Akavuga ko kubona ibitigiri vy'abakobwa ari vyinshi, ari ikimenyetso kitabesha ko abakobwa bijukiye kwiga hano mu Burundi.
🫂Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana akaba ahamagarira abanyeshure gukora ico kibazo umutima uri munda bongere babandanye bitegurira ibindi bibazo, abavyeyi nabo akabasaba guha akanya abana babo ko kwiga, ntibagume babatuma mu mwanya wo kwiga kuko ngo arivyo vyotuma baronka amanota meza. Mu gihe mubariko barakora ico kibazo harimwo 28 basanzwe bagendana ubumuga bugiye butandukanye, Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi akaba amenyesha ko babateguriye uko bakora ico kibazo, agahimiriza abavyeyi bafise abana bagendana ubumuga kubashira mw'ishure co kimwe n'abandi bana.
👉Akaba yaciye aboneraho n'akaryo ko kwibutsa abanyeshure bariko barakora ico kibazo ca Reta, kuzokwubahiriza umwanya wo gusaba gusubira gukosorerwa kubazosanga harabaye ukwihenda mu manota ya mbere kuko ngo uwuzorenza umwanya uzoba watanzwe, ntazokwakirwa naho azoba ari mu kuri. Urwo rugendo Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana akaba yaciye arusozerera kw'ishure shingiro n'inyuma ya shure shingiro ryitiriwe umweranda wa gatandatu ryasavye kwugurura uburaro, mu ntumbero yo kuraba aho bagejeje kwubaka ubwo buraro. Akaba yashoboye kubakeza ku ntambwe ibikorwa bigezeko.