20/01/2026
Kuva aho vyakabereye Umugore wanje aranyizeye!!!!!!!!!!!! ๐๐๐๐
Navyutse kare nsanga Umugore wanje yagiye mu kazi nk'ibisanzwe maze nsanga utunini tw'umutwe iruhande y'igitanda, icayi, imikate n'agapapuro kanditseko ngo "Papa w'abana banje, ni wavyuka uje ku meza naguteguriye utwo ufungura" ๐
Vyari bitangaje kuko nabiheruka tukiri mu kwezi kwa buki ๐ ndavyuka nja hanze maze mpamagara imfura yanje ndayibaza ati n'ibiki vyaraye bibaye ejo mw'ijoro? ๐ค
Umwana ati watashe waborewe wavese saa saba z'ijoro maze ucinjira ukubita umutwe ku ntebe๐
Nanje nti oyaaa ivyo vyotuma nyoko wawe amfata neza uku?๐ค
Umwana ati eeeeeeeeeeeeeh ndabimenye papa ati kuko wari waborewe ipantalo wari wayinyayemwo rero mama agira ayigukure waciye umuha urushi maze uramubwira uti wa ndaya we reka kunkorako jewe ndubatse, mfise n'abana ๐คฃ๐คฃ๐คฃ๐คฃ๐คฃ
Musomyi nkunda ๐ซต๐ซต ntako ntagira basi n'ubwo kutoba gutwenga, basi ukamwenyura n'ubwo ntagutwengeje har'aho ejo nogutwenza rero kugira ntuzocikwe fyonda aha NGOZI town urabe ahanditse suivre, follow canke gukurikira uhafyonde ugume witwengera โค๏ธ